Your Cart
Loading

Ndi i Burundi

On Sale
€5.00
€5.00
Added to cart

Nk’uko umutwe w’iki gitabu uvyerekana Ndi i Burundi canditswe n’Umurundi ari mu gihugu ciwe c’amavukiro. Kigizwe n’ivyese vyanditswe mu buhinga butandukanye hisunzwe amategeko agenga ivyese vy’igifaransa.                                                    

Mu vyese usomye indome zitangura uva hejuru uja hasi, umwanditsi yakoresheje akatari gake ijambo « Urukundo ». Urukundo rw’Imana, urukundo rw’igihugu…

Hafi y’imisi mikuru duhimbaza mu gihugu cacu uko umwaka utashe, tuyisanga muri iki gitabu nk’akarorero Ukwikukira, Ukwibuka Incungu z’igihugu n’Imboneza tutibagiye n’Ukwibuka Amasezerano y’Ubumwe bw’Abarundi.

Turetse ko ivyo vyese birimwo inyigisho n’impanuro, birashobora kuririmbwa no gushariza amazu, amabarabara, amashule n’ibibanza vy’iratiro.

Ihangiro nyamukuru ry’iki gitabu ni iryo gukundisha n’abanyamahanga ururimi rw’ikirundi hakoreshejwe ubuhinga bw’ivyese.


You will get a PDF (2MB) file