
Ndi i Burundi
Bacinoni Diyodoni ni umwanditsi n’umunyavyese w’Umurundi yavutse kw’igenekerezo rya 16 Nyakanga 1969 mu Ngagara mu gisagara ca Bujumbura. Imyaka irenga mirongo ibiri mu Rwanda. Yahoze ari umurwanyi w’umuhari CNDD-FDD. Intwazangabo yisumbuye mu Gipolisi c’Uburundi. Yahejeje itsinda rya mbere rya Kaminuza mu Gutumatumanako amakuru aganisha kw’Iterambere. Yarahejeje ivyigwa vy’itsinda rya kabiri rya Kaminuza mu Burongozi n’Itunganywa ry’Amashirahamwe mugabo hari iyindi ntambwe isigaye. Ivyo yaciyemwo, amabanga yajejwe n’ivyo yize nivyo bituma aba uwo ariwe. Mu vyese vyiwe, ubuhinga yisangije ni inyandikoshusho n’inyegezajambo. Arubatse, afise abana bane.
Nk’uko umutwe w’iki gitabu uvyerekana Ndi i Burundi canditswe n’Umurundi ari mu gihugu ciwe c’amavukiro. Kigizwe n’ivyese vyanditswe mu buhinga butandukanye hisunzwe amategeko agenga ivyese vy’igifaransa.
Mu vyese usomye indome zitangura uva hejuru uja hasi, umwanditsi yakoresheje akatari gake ijambo « Urukundo ». Urukundo rw’Imana, urukundo rw’igihugu…
Hafi y’imisi mikuru duhimbaza mu gihugu cacu uko umwaka utashe, tuyisanga muri iki gitabu nk’akarorero Ukwikukira, Ukwibuka Incungu z’igihugu n’Imboneza tutibagiye n’Ukwibuka Amasezerano y’Ubumwe bw’Abarundi.
Turetse ko ivyo vyese birimwo inyigisho n’impanuro, birashobora kuririmbwa no gushariza amazu, amabarabara, amashule n’ibibanza vy’iratiro.
Ihangiro nyamukuru ry’iki gitabu ni iryo gukundisha n’abanyamahanga ururimi rw’ikirundi hakoreshejwe ubuhinga bw’ivyese.