
Ishule ry'abasokuru
Bacinoni Diyodoni ni umwanditsi n’umunyavyese w’Umurundi yavutse kw’igenekerezo rya 16 Nyakanga 1969 mu Ngagara mu gisagara ca Bujumbura. Imyaka irenga mirongo ibiri mu Rwanda. Yahoze ari umurwanyi w’umuhari CNDD-FDD. Intwazangabo yisumbuye mu Gipolisi c’Uburundi. Yahejeje itsinda rya mbere rya Kaminuza mu Gutumatumanako amakuru aganisha kw’Iterambere. Yarahejeje ivyigwa vy’itsinda rya kabiri rya Kaminuza mu Burongozi n’Itunganywa ry’Amashirahamwe mugabo hari iyindi ntambwe isigaye. Ivyo yaciyemwo, amabanga yajejwe n’ivyo yize nivyo bituma aba uwo ariwe. Mu vyese vyiwe, ubuhinga yisangije ni inyandikoshusho n’inyegezajambo. Arubatse, afise abana bane.
Amazina y’ubuhizi, ibicuba, ibihozo…ivyo vyese ni bimwe mu biranga imico kama y’Abarundi biriko biragenda bitituka. Nivyo, ubumenyi turahura mu mashule dusanzwe tumenyereye ni kirumara. Mugabo, yoba ari amata avyaye amavuta, mu gihe ubumenyi bwo ku ziko no ku nama budasigaye inyuma. Erega nibwo butugira Abarundi babushitse. Igitabu Ishule ry’abasokuru ni nk’inyishu kuri ivyo bibazo vyashikirijwe. Abana bavukiye, bagakurira mu bisagara bunguka ubumenyi bwinshi mu kuyaga n’abatama ba « ruguru », bo vyirore vyabo, vyacu twese Abarundi. Hari aho umwanditsi yagiye arakoresha ahanini impinyanyuro yise imvugishakintu n’ingiramuntu. Mu guha agaciro imico kama, akaba yabicishije mw’ibungabunga ry’ibidukikije canecane akamaro k’igiti, ubucuti bufatiye ku miryango, intambo, amajambo aroresha ku bworozi bw’inka n’inzuki, tutibagiye uburimyi. Ihangiro ni uko ururimi rw’ikirundi rwogira akanovera mu mvugo no mu nyandiko. Nta nkeka, iki gitabu cobera isoko kuri uwo wese anyotewe ubumenyi. Ivyese biri murico bituma tuzunguruka mu gihugu gitemba amata n’ubuki, dutamarira imisozi igihumbi.